
Mu kinyamulenge, tugira amajambo atari makeya,yandikwa akana someka kimwe ariko afite amaana (ibisobanura bitandukanye). Ay’amajambo mu mvugo zo hanze bayita (Homonyme), ntabgo wayatandukanya,nkeretse iyo umuntu arimo avuga inkuru, nibgo ushobora kunva ico, iryo jambo risobanura neza.
- Amato: N’utuntu bafungisha isiminsi cangwa se ikoti.
- Amaato: N’ibikoresho bitwara abantu n’ibintu binyuze mu mazi.
- Kurobaa: N’igikorwa co gukura injanga mu kivu.
- Kuroba: N’ukunyagirwa n’invura nyishi.
- Guhindura:
- Guhindura:
- Ikiraaro: N’ahantu abashumba baba mugihe bagiye kuragira inka.
- Ikiraro: N’ikintu cubatse hejuru y’uruzi, bifashisha mu kujabuka hakurya.
- Ikirato: Bambara mu ubirenge.
- Ikirato: Indwara yo m’umuhogo.
- Ikirere: N’ahantu Indege zinyuramo. (sky)
- Ikireere: Ni ikibabi c’urutooki.
- Ikimeeme: Ni ugusaduka hagati y’amano.
- Ikimeme: Ni umuntu utuvuga kandi utumva.
- Inkoko: Itungo rito ritera amagi
- Inkooko: Ni isahani baboha mu byatsi.
- Isereri: Ni ikirenge kitambaye ikirato.
- Iseri: Ni umupanga udafite ikirindi.
- Iseereri: Ni ukugira muzunga bitewe n’indwara.
- Isoko: Ni ahantu mu kaguriro bahahiramo.
- Isooko: Ni inkomoko y’ ibintu.
- Gukomeza: Ni ugucana umuriro.
- Gukomeza: Ni ukubaka ikintu kigakomera.
- Gufunguura: Ni ugukingura umuryango.
- Gufungura: Ni ukurya.
- Inzara: Gukenera kurya.
- Inzaara: Ziza zimera ku ntoki.
- Inda: Ni igice c’umuntu kiza kijamo ibiryo.
- Indaa: N’utuntu tuzatugenda genda m’umutwe kandi tuzanwa n’umwanda.
- Umuryango: Ni abantu bagizwe n’umugabo, umugore ndetse n’abana.
- Umuryango: Ni ahantu binjirira baja nko munzu.
- Urutooki: Ni igiti ceraho imineke.
- Urutoki: Ni ibice bigize ikiganza, kandi bifasha umuntu gufata no kwandika.